1
Bana,ntimugire
Icaha mukora,
Ntimutonganishwe
N'ivyo kuraka.
2
Bana, kuko mûri
Aba Yesu Kristo,
Non' ingeso ziwe
Zibe n' izanyu.
3
We yahor' avuga
Ivy' ukuri gusa,
Ivy' isoni nta vyo
Yesu yakoze.
4
Ntihigeze n' umwe
Yagiriye nabi,
Kuko yamye yanka
Ivyaha vyose.
5
Har' ufis' ubgenge
Bgo kubosha nabi,
N' Umwansi Satani
Ahora hafi.
6
Abasezeranye
Guheba Satani,
No kurek' ivyaha,
Ntimumwumvire.
7
Yes' azobafasba
Kumurwanya cane,
Kuko na we nyene
Yamunesheje