1
Nd'agatama ka Yesu,
Ndanezerewe cane;
Mfis' Umwungere mwiza,
Andagir' akankiza,
Arankunda ndabizi,
Ndamwumv' ampamagaye.
2
Uyo ni w'anturutsa,
Ntanyica ntankubita,
Yam' anjana buhoro.
Akandagira heza,
Iyo ntewe n' inyota
Anshor' amazi meza.
3
None nta bgoba mfise,
Ndi mu ntama za Yesu;
Igihe ni cashika
Akancura mu rugo,
Nzogir’umunezero
Nta bukene kwa Yesu
Nzogir" umunezero:
Nta bukene kwa Yesu.