298: Yes' agomba ko mb' umuco

< Abana >
DOWNLOAD PDF

1
Yes' agomba ko mb' umuco
Mmurikir' abantu,
Muhimbar" imisi yose
Mu vyo nkora vyose.

Ref:
Umuco, umuco,
Yes' agomba ko mb' umuco;
Umuco, umuco,
Nzama mmuber' umuco.

2
Yes' agomba yuko nkunda,
Ngafash' abavyeyi,
Nerekane mûri vyose
Ko nd' umwana wiwe.

3
Nzosaba Yesu kumfasha
No kundind' icaha,
Ng' umuco wiw' uboneke
Mu bugingo bganje. 

4
Yesu nzomuber' umuco,
Kw ar' ic' angombako:
Mmukorere nkiri mw isi,
Ngo nze mbane na we.