Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
78: Kera har' umubivyi yasohoy' imbuto
< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF
1
Kera har' umubivyi yasohoy' imbuto
Zimwe zigwa ku nzira, zinobga n'inyoni,
Izindi ku rutare, zumishwa n'izuba,
Kuko zari zibuze ahantu habomvye.
2
Mu mahwa hagw' izindi, zikurana na yo,
Ac' azinyoha zose, nia co zamye na mba.
Arikw izindi zigwa mw ivu ryiza cane,
Zimeze zirakura zam' imbuto nyinshi.
3
Har' uwundi Mubivyi, n'Unnikiza Yesu,
Jjambo ry'agakiza ni ryo mbut abiba,
Kand' imitima yacu ni yo mbibe yiwe,
Ari mib’ari myiza, amija mw’ imbuto
4
Kand’ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe
Bitonyang'amaraso arikw arabiba,
Jmvura ni y' imeza imbuto z'i'isi,
Amaras' akameza izo mu mitima.
5
Mugenzi, har'ibiki mu mutima wawe?
Harimw' inzira nyinshi? harimw'urutare?
Canke n'imbibe nziza, mbeea harinjiye?
Wamamw'imbuto nziza, cank' umez' amahwa?
6
Hazob' umusi Yesu azoza kwinibura,
Azozan'urutaro mu kuboko kwiwe.
Azimburir' ingano mu kigega ciwe,
Umuguruka na wo azowuturira.
7
Mugenz' uzoja hehe? Ni wiyumvire se
Uzoja mu kigega, canke mu muriro?
Ni wihan' uyu musi, ejo ntihahera
Uyu n’umusi mvviza wo gukirizwako
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza