Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
76: Mbeg' uraz' ibir' imbere yawe
< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF
1
Mbeg' uraz' ibir' imbere yawe,
Ah' uzohurira n'urupfu?
Mbega wa mus' uzorora hehe,
Umus' uzocikana?
Ref:
Ego ndazi ko har' ubugingo,
Har' aho nateguriwe,
N' amaraso Yes' Umukiza
Yamvirive ku giti.
2
Mbega wahise mu yihe nzira?
Mbeg' uz' ah' izogushikana?
Kukw inzir' itujana mw‘ ijuru
Ica ku musaraba.
Ego nahisemw' inzira nziza...
3
Mbega wabony' Umukiza wawe
Uraharirw' ivyaha mbega?
Mbega Yesu yaribgagukize
Urik' uja mw ijuru?
Ego nabony'Umukiza wanje...
4
Erega ni wahwer' uyu musi
Ntuzob' ugihitamwo na mba:
Iman' igomba yuk’ uyizera,
N' uk' urekur' ivyaha.
Ego narekuy' ivyaha vyanje...
5
Mbega Yesu yakwandits' izina
Mu gitabo c'abakijijwe?
Uzi yuko wa mus’ amagorwa
N'urupfu bizohera?
Ego ndazi yuko yanyanditse...
6
Yesu ni we yankijij' urupfu,
Yampfiriye ku musaraba,
Nzokwama mmwumvira mmwizigira, Kuko nogejw' ivyaha.
7
Ego ndazi ko har' ubugingo
Har' aho nateguriwe,
N' amoroso Yes' Umukiza
Yamviriye ku giti.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza