Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
74: Mfis' Umukiz' amvugira mw ijuru
< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF
1
Mfis' Umukiz' amvugira mw ijuru,
N' Umukunzi mwiz' arut' abo mw’isi,
anzigama neza kand' ambungabunga,
Icomp' uwo Mukiz' akab' uwawe.
Ref:
Ni wewe nsengera, ni wewe nsengera,
Mugcnzi, ndakwifuriz’ agakiza.
2
Mfise na Data wa twese mw ijuru,
Yanshoboje kwizigir' ibizoba.
Azohav' andengukisha mw ijuru iwe,
Icompa nawe tukazojanayo.
3
Mfisey' imvune nziz' ikayangana
Nabikiwe mu bgiza bgo mw ijuru,
Iyo mvune yer' aho nzoyambarira
Icompa naw' ukazoyironkayo.
4
Mfis' amahoro ameze nk' uruzi,
N' amahor' atazwi n'abantu b'isi,
Umukiza wanje ni we soko yayo,
Mugenz' icomp' ukayaronka nawe.
5
Ubonye Yes' amaze kugukiza,
Ntiwigungan' ivyo yagukoreye,
Babgire k'Umukiza wanj' ar' uwawe,
Basengere nk'uko nagusengeye.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza