70: Narumvise Yes' atubgira

< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF

1
Narumvise Yes' atubgira:
Ni muze, ni muze, ni muze.
Yamy' ahamagar' uyu musi:
Ni muze, ni muze. ni muze.
Ati Napfiriye ba mwebge,
Kandi natanz' amaraso yanje,
Narishuye ya myenda yanyu.
Ni muze, ni muze, ni muze.

2
 Ek'ivyaha vyanyu nivyinshi,
Ni muze, ni muze, ni muze.
Ingo ndabaharire vyose,
Ni muze. ni muze, ni muze.
Nijewe mbay' Imana yanyu,
Nzobaherekeza ngaha kw’ isi,
Ndakiz' abanyavyaha bose,
Ni muze, ni muze, ni muze.

3
Ngo mutur' ibibananije.
Ni muze, ni muze, ni muze.
Reka bimwe bibaremera.
Ni muze, ni muze, ni muze.
Heba wa mwikomo n' ubgoba,
Munyizere nd'Umukiza wanyu.
Ni jewe nduhur' imitima,
Ni muze, ni muze, ni muze