69: Nk’uko Mose yamanits' inzoka ku giti

< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF

1
Nk’uko Mose yamanits' inzoka ku giti,
Abacikana bakayiraba,
Bagakir' ubgo bumara, bagakomera,
Kubg' imbabazi z'Uhoraho:
Ni ko na Yesu; Yatumanikiwc ku musaraba kera:
Tumurabe tumwizigire.

2
Mutim' ubabaye, rab'uwagupfiriye,
Raba Yesu yakumanikiwe,
Munyavyah' umutumbere, ni w'agukiza,
Umurabe, nuk' urakira.
Raba, wizere! Uguharirwa kwawe kuv’I Gologota,
Raba raba ku musaraba.

3
N'iki catumy' Umwana w'Iman’ababazwa?
Umv' icatumy' abambga ku giti
Akambikw' igitsibo c' amahwa mu mutwe:
Ni kubgawe, n' ivyaha vyawe. Raba, wizere!
Urupfu n'urw'Umukiz'imyandu n' iyawe,
Raba raba ku musaraba.

4
Naho worir' ukicuz' ukanatuntura.
Ntivyokur' ibicumuro vyawe,
Rab' impongan' ikwiranye n'ivyo wakoze
N' amaraso ya Yesu masa. Raba, wizere!
Wizer' uwakubambiw'aragutunganya,
Raba raba ku musaraba.

5
Imimyore yiwe ni yo gus' idukiza;
Yesu n'ukugororoka kwacu.
Ngo wambar’ukugororoka Yes' atanga,
Nta gushaza kungana gurtyo. Raba, wizere!
Yesu kw’ ariho wam' ubizi k'utagipfa,
Raba raba ku musaraba.