60: Wa mutim’ urira, uze kwa Yesu

< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF

1
Wa mutim’ urira, uze kwa Yesu;
Amarushwa yawe uyamubgire.
Mubgire buhoro ibikuriza,
Ntac'ugir' ubgoba, woye kurira.

2
Bgira vyose Yesu, kw ar'umukunzi,
Ibikubabaza ngw akuremeshe,
Akund' imitima y' abababaye.
Wizer' umukiza, woye kurira

3
Abaremerewe n' ivyaha vyabo,
Babgire kw Imana ibaruhura,
Ubereke Yesu, ni we Mukiza,
Ashobora vyose, boye kurira