80: Yemw’ abitang' ubufuti

< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF

1
Yemw’ abitang' ubufuti,
Mugahush' umusaraba,
Turababgira turira
Yuko mubabaza Yesu.

Ref:
Mpisemwo guhora nkizwa
No gushingwa mu gakiza.
Mu gakiza sinzovayo.

2
Yemw' abarets' ubugingo.
Mukabuguran’ inyama,
Ah’izoborera, mbega
Muzokuramw' inyungu ki?

3
Yemw' abarets' igihugu
Cuzuy' amata n'ubuki:
Ko mukimiranye vuba,
Musubiye mw’Egiputa

4
Yemw' abavug' inkuru mbi
Y’ igihugu c' i Siyoni,
Ivyo mwit' amananiza
Bishoboker' uwizeye!

5
Mu maraso y' Umukiza
Ni ho dukirizw’ ivyaha,
Ngwino dusubiraneyo,
Dushike ku musaraba.