75: Yesu n' Umukunzi wacu

< Guhamagara >
DOWNLOAD PDF

1
Yesu n' Umukunzi wacu,
Ni w' atwikorerera
Imibabaro n' ivyaha,
Akatubabarira.
Umunt' adasenga wese
Ntiyoronk' amahoro,
Tweho tuje kuri Yesu,
Tumubarire vyose.

2
Umunt' adasenga wese
Yaman' ivyaha vyiwe,
Ngwino, ngwino kuri Yesu
Akuruhure vuba.
Yes' aradukunda twese,
Yes' afis' imbabazi,
Yapfiriy' abantu bose,
Mumusenge n' Umwami.

3
Ivyaha n' ubgoba bgose
N' imitim' ibabaye
Tubijane.kuri Yesu,
Araduh' amahoro.
Ntitugir' umutabazi
Adukunda nka Yesu,
Ariko Yesu wenyene
N' umukunzi w' abantu.