1
Dushim' Iman' ihoraho
Yatugiriy' imbabazi,
Twaremwe n'ijambo ryayo,
Tuyishimish' imitima.
2
Kukw iduhay' umugisha.
Twes' abari mur' iyi si,
Dukwiye kurushiriza
Kuyishima bishimitse.
3
Namwe ngabo zo mw ijuru
Ni mwe mwabangurukanye,
Mubona mu nyonga hayo:
Muyihimbazanye natwe.
4
Dushime rer' Uhoraho.
Kw ari we Data wa twese,
Na Yesu yadupfiriye
Na Mpwem' Umufasha wacu.