19: Mana Muremy' ijuru Riraguhimbaza

< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF

1
Mana Muremy' ijuru
Riraguhimbaza,
Ushimwa n'ikirere
N' ibirimwo vyose.
Bishim' ubudasiba
Mw ijoro n'umurango
Icubahiro cawe
N’ubgenge n' ubuntu.


2
Izuba ryiza Mana,
Bo n’ukwezi nyene,
Bishim' izina ryawe,
N'inyenyeri n'uko.
Bibgira n'amahanga
Atarumv' ivya Yesu
Ubgiza bg'Umuremyi
Yabiremye vyose.


3
Ijambo ryawe ryera
N' iry' ukuri rwose,
Ni ryiza kandi ni ryo
Riduhumuriza.
Kand' ivyagezwe vyawe
Bituberey' itunga
Ridashira n'ubgenge
Butar' ubg' iyi si.


4
Nta wubasha kubgiwe
Kwirinda ngo ntagwe,
No kwam' akor’ ivyiza,
No kudacumura:
Uhor' umfasha Mana,
Ndeke kukwibagira
No kukubabarisha
Gucumura kwanje.


5
Ivyo waremye vyose
Mw ijuru no mw isi
Bishim' izina ryawe,
Nanje ndagushima.
Kand' umubiri wanje
N'umutima ndagomba
Kubigushikanira
Ngo bicik' ivyawe.