26: Mana Rurema, ndagushima

< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF

1
Mana Rurema, ndagushima,
Wabonetse muri Yesu:
Urukundo rwawe ni rwinshi
Wadukunze twebge twese:
Mana, watanz' uwawe Mwana,
Ngw adukirish’ amaraso yiwe.


2
Ndaguhimbaza Mwami Yesu,
Ko wangiriy' imbabazi.
Kandi wampfiriye ku giti,
Unkurakw ivyaha vyanje;
Muvunnyi wanje ndagushima,
Nguhay' umutima wanje wose.


3
Wasiz' ubgiza bgawe bgose
War' ufis' ah' Iman' iri:
Ub' Intama y' Imana yacu,
Ikur' ivyaha vy 'abantu.
Mukiza wanje, ngukundira
Imyenda wanyishuriye yose.


4
Kand' iyo niyumviriy' urwo
Rukundo, rurantangaza,
Uko nagiriw' imbabazi
N'ugupfa kw'Umwami Yesu
Yesu, reka ngukunde cane,
Imisi yose ndagushimishe.