10: Nshim' Umwami wo mw ijuru, Ntang' ivyo guhimbaza

< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF

1
Nshim' Umwami wo mw ijuru,
Ntang' ivyo guhimbaza,
Nari mboshw' arambohora,
Nari ndway' arankiza.
Tumushime, tumushime,
Ni we Mwam' ahoraho.


2
Ba sogokuruza kera
Bari mu mubabaro,
Abagirir' imbabazi,
Tumuhimbariz' ivyo.
Na none tumwizigire
Kukw ar' uko yahoze.


3
Ni Data wa twese mwiza,
Az' intege nke zacu,
Atubungabunga neza,
Kand' akatuzigama.
Duhimbaz’ ubuntu bgiwe,
Buzohoraho rwose.


4
Mwa bamarayika beza,
Ni mushim' Uhoraho,
Namwe bera bo mw ijuru,
Mwavuye mw isi yose,
Mwese mushimane natwe
Iman' igir' ubuntu.