13: Umwe yambitsw' igitsibo Gitsibge

< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF

1
Umwe yambitsw' igitsibo
Gitsibge mu mahwa,
Noneho yambitsw' ubgiza
Kuko yanesheje.


2
Non' avyagiye mw ijuru,
Ni w' asumba vyose,
Ni we Mwam' aganz' abami,
N' umuc' udashira.


3
Ni we munezero wacu
N' uw' abo mw ijuru:
Umv' ingene yadukunze
Kubg' izina ryiwe.

4
Umusaraba w'isoni
Wacits' uw' ubuntu,
Waduhay' umunezero:
Twitiriwe Yesu.


5
Tubabarana na Yesu
Tukir' ino mw isi,
Maze ni twaja mw ijuru
Tuzimana na we.


6
Umusaraba wa Yesu
Wamuhay' urupfu,
Arikw abamwizigira
Uduh' ubugingo.