Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
11: Uwer'ashimwe mw ijuru, No mw is' ahimbazwe
< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF
1
Uwer'ashimwe mw ijuru,
No mw is' ahimbazwe,
Mu vy' akora no mu vy' avuga
Atangaje rwose.
2
Iman' ishimwe yatumye
Uwo kudukiza,
Yesu Adamu wa kabiri
Yatsinze Satani.
3
Ishimwe kw ivyanesheje
Adamu wa mbere,
Uwa nyuma yabirwanije
Akabitsinda pe.
4
None yemeye kwinjira
Mu mitima yacu,
No gutum' akameremere
Kiwe kab' akacu.
5
Twaratsinzwe n'urubanza,
Arikw Iruciye,
Yacits' umuntu ngo ruyice
Mu gishingo cacu.
6
Ivyabay' i Getsemane
No ku musaraba
Bitwerek' urukundo rwiwe:
Turubgir' abandi.
7
Uwer' ashimwe mw ijuru,
No 'mw is' ahimbazwe,
Mu vy' akora no mu vy' avuga
Atangaje rwose
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza