Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
9: Yes' ashimwe, turamushim' Umukiza
< Guhimbaza >
DOWNLOAD PDF
1
Yes' ashimwe, turamushim' Umukiza,
Bose bashim' urukundo rwiwe,
Mumushime mwa bamarayika bera.
Muhimbaz' icubahiro ciwe.
Umukiza aratubungabunga,
N' Umwungere mwiz' atuzigama.
Mumushime mwa bamarayika bera,
Mutazir' icubahiro ciwe.
2
Yes' ashimwe, turamushim' Umukiza,
Kubg' ivyaha vyacu yapfiriye,
Kubgiwe twizigiye ko tuzokizwa
Tugahabg' ubugingo bg'Imana.
Yarabambge, yemejwe n'urukundo
Abansi bamushinyagurira,
Yambitsw' igitsibo c'amahwa mu mutwe,
Yavyemejwe n'urukundo rwiwe.
3
Yes' ashimwe, turamushim' Umukiza,
Yarazuts' avyagira mw ijuru.
Non' ashimwe n'abamarayika bera.
Bamuhimbaza n' ijwi rirenga.
Non' abantu boye gutiny' urupfu :
Mwami Yesu, wararunesheje;
Ariko rwahinduw' irembo ry'ijuru
N' ukuzuka kwawe Mutabazi.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza