314: Urukundo rw' Umukiza

< Gusezerana >
DOWNLOAD PDF

1
Urukundo rw' Umukiza
Ni rwo rudukoranije,
Dukundane twese
Bakristo bo kw isi,
Kukw Imana yadukunze

2
Duhore dusab' Imana
Ngw iturons' umutim' umwe,
Ngw ikure bga bgoba n'ivyo
bitugora,
Iduh' umugisha wayo.

3
Kandi tubony' Umukristo
Yatay' inzira y'Imana,
Ni tumusabire ngw
Iman' imufashe
Ahez' arab' Umukiza

4
Kand' iyo dutandukanye
Tujane na Yesu Kristo.
Adushira mu buhirwe n'imbabazi,
Tukazoba tubonana