111: Har' izina rinnezereza

< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF

1
Har' izina rinnezereza,
Nireza kuriririmba,
Rirandyohera, ndarikunda,
Rirut' ayandi yose. 

Ref:
Nkunda Yesu wanje,
Nkunda Yesu wanje,
Nkunda Yesu wanje,
Yabanje kudukunda.

2
Rimenyesh' ingen' Umukiza
Yankunz' akanyitangira,
Rimbgir' ivy' amaraso yiwe,
Ingen' azondekuza.

3
Rimbgir' ivyo Data wa twese
Yanshinguriye mw ijuru,
N' iyo nogenda no mu mwiza
Ni ryo rimber' umuco.

4
Rimbarir' ingen' umutima
W Umukiza wanje Yesu
Wam' ubabarana na rwanje,
Ukampa kwihangana