98: Ikinnczereza cane

< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF

1
Ikinnczereza cane
Umve narakibonye,
Nahaw' agakiza keza,
None ndanezerewe.
Ivyaha vyanje vyogejwe
N' amaraso ya Yesu,
Kurira no kwihebura
Birarangiye rwose.

2
Ikinnezereza cane
N'uko nganzwa na Yesu,
Murokozi, Murokozi,
Nemeye kub' uwawe.
Waneshej' ivyaha, rwose,
Nanj' umpa kubinesha,
Wandokorey' umutima
Ump' ubugingo bgawe.

3
Kuk' ur' umunyarukundo
Wandondeye nzimiye,
Wankuye mu vyaha vyanje,
Unyit' uwawe rwose.
Non' imisi yanje yose
Ni wewe nizigira,
Ivyo nkora vyose nkwiye
Kwama mbigukorera.

4
Ndakuririmbira Mwami,
Namwe ndababarira
Ivyo Yesu yankoreye,
Ko bintangaza cane.
Yancunguj' urupfu rwiwe,
Nuzuy’ umunezero,
Umutima wanje wose
N'uw' uwawucunguye.