96: Imana yacu yatunze vyose,

< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF

1
Imana yacu yatunze vyose,
Itunga ryo kw isi n'iryayo ryose,
Nta kintu co ngaha kitar' icayo,
Nta wobuharur' ubutunzi bg'Imana.

Ref:
Nd' umwana w'Umwami,
Nd' umwana wiwe,
Twebge twe na Kristo
Tur' abana biwe.

2
Umwana w'Iman' Umutabazi
Yaje ngaha kw’isi nk'umworo rwose,
Ariko yarasubiye mw ijuru.
Nanj' azohav' anjana kump' inzu nziza.

3
Kera na kera nar' icangazi,
Nar' umunyavyaha, nar’ umwononyi,
Ubu ho naravuts' ubga kabiri,
Nd' umwana w'Imana,
Umwami w'abami.

4
Jeho naho noba mu karuri
Sinobabara, ndi n'inzu mw ijuru,
Nah' ab' isi bonca bakanyomora,
Nzonezerwa kuko nd‘ umwana w'Umwami.