125: Kubg' urukundo rw' Imana

< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF

1
Kubg' urukundo rw' Imana
N' ubuhoro:
Kubg' ubunt' itugirira
N' ubuhoro;
Twakijijwe n' amaraso,
Tugumijwe n' ubgo buntu.
Kw idufashe mu kuboko,
N' ubohoro.

2
Naho twoba mu magorwa,
N‘ubuhoro;
Ko twashitse mu gakiza,
N’ ubuhoro;
Ko twizey' Imana Data,
Tukaguma muri Yesu,
Tukezwa na Mpwemu Yera,
N' ubuhoro.

3
 Ko twimirij’amahirwe,
N' ubuhoro;
Ko twizigiy' agakiza,
N' ubuhoro;
Turiho canke dupfuye
Tuzi ko Dat' adukunda,
Na Yes' akatuzigama:
N' ubuhoro.