Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
97: Nnezerewe ko mmenye rwose
< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF
1
Nnezerewe ko mmenye rwose
Yesu kw ar' Umukiza wanje,
Ni we yancunguj' amaraso,
Ndizera mvuk’ ubga kabiri.
Ref:
Yambgiye ko nd' umunyavyaha,
Ndihana ndizer’ arankiza,
Ni vyo ndirimba, ni vyo mvuga,
Nshim' Umukiz' imisi yose.
2
Sinciganza, ndamwigabiye,
Bintey' umunezero mwinshi;
Mmuhay' ivyaha vyanyanduza,
Abinkurakw amp' amahoro.
3
Sinciganza, ni Yes' angaba,
Mpiriwe n'uko mba muri we;
Mpora nitez' ivyiz' azompa
Bivuye mu rukundo rwiwe.
4
Kubimenya ni kwiza rwose,
Nd' uwa Yesu, sinkekeranya;
Nzigamwa n'Ushobora vyose,
Nkimwizeye nta womunnyaga.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza