1
Ubuntu bg'imana
Butangaje
Ni bgo bgankuyeko
Imigozi.
Mbe vyavuye ku ki?
Vyavuye ku kugomba
Kw' Imana yonyene
Yambohoye.
2
Imana yonyene :
Yantoreye
Guhirwa mw ijuru
I Bukama.
Mwese ni mumenye
Yuk’ Umukiza wacu
Yam' asanganira
Abaz' i we.
3
S'uko nari mwiza,
Haba na mba,
N'ubuntu bga Yesu
Yangiriye.
Ni we yangokeye
Kuri wa musaraba,
Hamwe n'ibisuma
Vy' abambuzi.
4
Kand' iyo nibutse
Ivya Yesu,
Uko yagiriwe
Bamubamba,
Binyibuts' ivyaha,
We nta kibi yakoze,
Ni jewe yazize:
N'Umukiza!
5
Ub' ico nifuza
N'ukuguma
Mu Mukiza wanje,
Mwihishemwo :
Ni we nkinzo yacu
Yam' idukingiriye
Imyampi wa Mubi
Aturasa.
6
Urazirikanye
Mwami Yesu:
Ingeso wa Mubi
Yanyanduje,
Zigomba kuvyuka,
Zirandur' uzihonnye,
Name niganziwe
N' ivya Yesu.
7
None maso yanje,
Namwe matwi,
Nawe munwa wanje,
Mubiri we!
Mwese, mushimishe
Uwankuye mu ngoyi.
Ibiremwa vyose:
Tumushime.