93: Yesu, ndacibuk' umusi

< Gushinga Intahe >
DOWNLOAD PDF

1
Yesu, ndacibuk' umusi
Mwiza nakwemereyeko
Kw ari wewe Mana yanje,
Ni vyo nnezererwa cane.

Ref:
Mpimbaze, mpimbaze,
Yesu yanyogej’ ivyaha;
Anyigisha kumusenga
Bituma mpora nnezerwa,
Mpimbaze, mpimbaze
Yesu yanyogej' ivyaha.

2
Wahejeje kuncungura,
None nd' uwawe Mukiza;
Ni wewe wampamagaye,
Numvis’ ijwi ryawe ryiza.

3
Kera nari nahabiye
Kure mu ngeso mbi z' isi,
Maze ndakugarukako,
Ni wewe Mukiza wanje.

4
Nasezeranije Yesu,
Guhora nkor' ivy' ugomba;
Ni nashika no ku mpfiro
Sinzoreka kunezerwa.