1
Igitabo c' Imana
Ndagikunda, n" icanje:
Ni co kimbgir' ukuri
Yuko nd' umunyavyaha.
2
Kinyigish' urukundo
Rw' Umucunguzi wanje;
Kand' iyo ntay' inzira
Y' Imana, kirampana.
3
Iyo ntewe n' ivyago
Kitnmar' umubabaro;
Kinyigisha yuko ndi
Umwambukira mwisi.
4
Igitabo c' Imana
Kimbgira ko kwizera
Yesu kwompa kunesha
Urupfu na Satani.
5
Kandi k' uwanka Yesu,
Agapfira mu vyaha,
Kw ari w' azopfa rubi
Ntabane n' Uhoraho.
6
Kimbgira yukw abera
Bazojanwa mw ijuiu,
Bagahabga na Yesu
Ivyiza bidashira.
7
Igitabo c' Imana
Kinyigish' ivyo vyiza,
Kirut' ibindi vyose,
Nta kindi kinyobora.