291: Turakund' Ijambo Ryera,

< Igitabo c'Imana >
DOWNLOAD PDF

1
Turakund' Ijambo Ryera,
Igitabo c'Imana,
Ni ryo tara rimurika
Mu nzira y' ubugingo,
Rikab' inkota mu ntambara
Isogota cane,
Tugisom' uko bukeye
Tukigir' umwigisha.

2
Ico Gitabo c' Imana
Tugikundan' umwete,
Amajambo yaco yose
Yuzuyemw' agakiza.
N' Igitabo c' igitanga
Kitwereka Yesu,
Tugisom' uko bukeye,
Tukigir' umwigtsha.

3
Kand' ikikidukundisha
N' uko tugisomamwo
Ko Yesu yacits' umuntu,
Ngw adukiz' imitima,
Kand' uko yahetamishijwe
N' ivyari kutwica;
Tugisom' uko bukeye,
Tukigir' umwigisha. 

4
Bene Dat' iki Gitabo
Ni tukibumbatire,
Tugisom' imisi yose
Tukigir'umwigisha.
Kand' ico gihe ni cashika
Co kuv' ino mw isi
Ico Gitabo c' Imana
Kizotumar' ubgoba