86: Amaras' Umucunguzi

< Incungu >
DOWNLOAD PDF

1
Amaras' Umucunguzi
Yakuviriye,
Yaviriy' abanyavyaha,
Ni y' agukiza.

Ref:
Amaraso y' Umukiza. Yakuviriye,
Yakir'uyizere vuba: Ni y' agukiza.

2
Amaraso y' Umukiza
Ni y' agukiza,
Rek' atembe nk' uruzi ku
Mutima wawe.

3
Nah' ivyaha vyotukura
Tukutuku pe, Amaraso
Y’ Umukiza Aravyeza de.

4
Amaraso yancunguye
Yanyishuriye
Imyenda yanj' ikomeye,
Nzi ko mpariwe.

5
Ubu nshiz' amanga cane
Kwinjir' ahera,
Naraciye mu cogero
Kinyoz’ ivyaha.

6
Amaras' anneshereza
Ni yo ndwanisha,
Ntsinda Satani n'ivyaha
Nshobojwe na yo.

7
Amaraso y'Umuhuza
Wacu n'Imana
Ni y'atunganya, ndayaha
Icubahiro.