82: Ewe Mukiza wanje, wakubisw'inguma

< Incungu >
DOWNLOAD PDF

1
Ewe Mukiza wanje, wakubisw'inguma.
Mukama wambitswe n' igitsiboc'amahwa.
Mukama wababajwe, non'ushimwe cane.
Wambabariye rwose,
Mukama n' ushimwe.

2
Yesu, wababariy' ivyaha vyanje vyose,
Wampaniw' ari jewe nari nacumuye, 
Car' igihano canje, urakimpanirwa,
Mukama, wantabaye ngo ndonk' imbabazi.

3
Mukama, ndagushima n' umutima wose,
Wampfiriye ku giti, wankijij’ivyaha;
Undemeshe nizere ngo ngukurikire,
Kandi n' aho nzopfira, mpfire muri wewe.

4
Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene,
Urupfu ni rwantsinda uz'ummar'ubgoba.
Nah' umubiri wanj’uzobora ngashira,
Ndazi ko nzokwibonera n' amaso yanje.

5
Kur' uwo musi Yes‘uz' uwundemesheko, Ngo
mbon' inyonga zawe nk' ah'uri ku giti;
Kubg' ic' umpe kunesha nk' uko wanesheje:
Hahirw' uzopf arengukijwe nawe Mwami.