1
Gitandara c' Imana,
Reka nguhungireko,
Kubg' imbabazi zawe
Kera warammenewe;
Non' ubu nkwihishemwo
Ukuraka kw Imana.
2
Amazi n'amaraso
Vyo mu rubavu rwawe
Binkiz' uburyo bgompi
Urubanza rw' ivyaha
N' ubushobozi bgavyo,
Vyoye kuntsind' ukundi.
3
Ivyo twokora vyose,
N' umwete wacu wose,
N' umubabaro mwinshi,
N' amosoz' adashira,
Vyose ntivyoshobora
Kudukurakw ivyaha.
4
Ivyanje ntibigira
Ico bimaze Yesu,
Simfis' ico noguha,
Ndaba ku musaraba
Wawe wampfiriyeko,
Ni wo nizeye gusa.
5
Raba ndagenda gusa,
Ndakwinginz' unyambike;
Sinshobora kwikiza,
Ndakugombak' ubuntu;
Unyuhagir' imvyiro
Mukiza, noye gupfa.
6
Nuko nkiriho mw isi,
Mwami, nguhungireko;
No ku musi w' imanza,
Nshitse mu nyonga zawe,
Gitandara c' Imana
Uz' undeke nkwisunge