Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
87: Mbega ntugomba guturw'ivyaha
< Incungu >
DOWNLOAD PDF
1
Mbega ntugomba guturw'ivyaha?
Har' inkomezi mu maraso.
Ntugomba kandi kunesh' Umubi?
Ayo maras' arakiza.
Ref:
Har' inkomezi zitangaje
Mu maraso ya Yesu,
Har' inkomezi zitangaje
Mu maraso y'Umukiza.
2
Mbega ntiwamy' uri n'amanyama?
Har' inkomezi mu maraso.
Azoguhindur' umugwaneza,
Ayo maras' arakiza.
3
Mbega ntugomba kwera derere?
Har' inkomezi mu maraso.
Ni yo gusa yoz' ico ry' ivyaha:
Ayo maras' arakiza.
4
Mbega ntugomba kumuyoboka?
Har' inkomezi mu maraso.
Ntugomba guhor' umuhimbaye?
Ayo maras' arakiza.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza