90: Nari kure y'Imana mu buja

< Incungu >
DOWNLOAD PDF

1
Nari kure y'Imana mu buja,
Ngira ngo simboshwe;
Mbohorwa n'amaraso ya Yesu,
Hamw’ i Gologota.

Ref:
Shimwa Gologota,
Shimwa Gologota,
Ah'icaha canje cankuriweko,
Shimwa Gologota.

2
Yesu ni we yankuye mu mbohe,
Ndirimba mpimbawe
lyo ndirimbo yanje nsha nziza
Nkuy'i Gologota.

3
Nahawe Mpwemu Yera kw ingwati,
Nakiriye nt’ Ego:
Yuzuz' umushaha kuruhuka,
Ukw' i Gologota.

4
Umucance wanje nkund' azoza
Kuntahurukana,
Nzoririmbana n'abo mw ijuru
Ivy’i Gologota.

5
Ngwahano muntu nkund' uzimiye,
Rek' ivyaha vyawe,
Yesu yahaniw' abanyavyaha
Rimw' i Gologota.

Ref:
Gend' upfukameyo,
Gend' upfukameyo.
Ah' Icaha canje nacogerejwe,
Gend' upfukameyo.