312: Mwami, mfis' inzara,

< Ingaburo yera >
DOWNLOAD PDF

1
Mwami, mfis' inzara,
Umber' umutsima,
Kandi mfis' inyota
Mp' amaz'ayimara.

2
Mutsim' umanyutse,
Ngwin' umpaze none,
Unyigaburire,
Nta kindi compaza.

3
We vino y'ukuri,
Ompe kukunywako,
Mazi y'ubugingo,
Nsubizamw' intege.

4
lyi si ntimpaza.
Ni we gusa Yesu:
Nkuriye ndahaga.
Ni w'umroar' inyota.

5
Urugendo rwanje
Rue' ahagadutse:
Ndudubiz'imbere,
Soko y'ubugingo.