310: Negerey' ameza yawe

< Ingaburo yera >
DOWNLOAD PDF

1
Negerey' ameza yawe,
Ngo twibonanire,
Ndakwegamiye nd' induhe, 
Nkugombakw intege.

2
Mp' umutsima w' ubugingo
Na vino y' ijuru,
Untur' umutwaro wanje,
Unduhur' ivyaha.

3
Ni wewe Mufasha wanje,
Nta n'uwundi ngomba,
Mp' inkomezi zawe Mwami.
Ngo zicik' izanje.

4
Weho ni w' ugororotse,
Ivyaha n' ivyanje,
Arikw amaraso yawe,
Ni y' abinkurako.

5
Umwambaro wanje Mwami,
N' amaraso yawe.
Ni yo buhungiro bganje,
N' amahoro yanje