Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
219: Ivyo nkora nkirih' aho bizorangirira
< Iz'Ijuru >
DOWNLOAD PDF
1
Ivyo nkora nkirih' aho bizorangirira.
Ah' ukudapfa kuzokura gupfa,
Ni nashika mw ijuru nzosangay'Umukiza,
Azonyakiran' inez'amp' ikaze,
Nzomumenya,nzomumenya
Nzomuhagarar'imbere nkize,
Nzomumenya,nzomumenya
Mbony'inkovu mu biganza vyiwe
2
Nzonezerwa mbonye mu nyonga hiwe,
Nzomushimira mfis'umunezero,
Imbabazi n'ubuntu n'urukundo vyatumye
Amp' aho mba mu rugo rwo mw’ijuru.
3
Abar' iyo nkunda bariko baranyakura,
Bamwe twasezeranira ku ruzi,
Arik' uwo nifuza cane ko twobonana
N'Umucunguzi wanje yanyiguze.
4
Azoncisha mu kirimb' anshikane mu rugo,
Anyambits' impuzu zera derere,
Nzoririmbana n'aber' indirimbo ya Mose,
Ndifuza cane kubon' Umukiza.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza