202: Ingo mwa bahizi mwe

< Iz'intambara >
DOWNLOAD PDF

1
Ingo mwa bahizi mwe,
Ja mu rugamba,
Ni wa musaraba
Uturongoye:
Kristo n'Umugabisha
Atuj' imbere.
Ngo tugende, fat' imyampi,
Hang' ibendera.

Ref:
Mwa bahizi, ni mubandanye
Ja mu rugamba,
Eh' umusaraba Uturongoye.

2
Turashits' igitero,
Tur' umuc' umwe,
Tur' umuryang‘ umwe
W’Umwami Yesu;
Nta wuzodusanzaza
Kuko tur' umwe;
Tur' ab' umwe, turwany' umwe;
Wa Murwanizi.

3
 Kand' inganji yo kw‘isi
Yos' izoshira,
Arikw iya Yesu
Ntizohangura,
Naho twosugerezwa
N'aba Satani
Ntibazodutsinda, kuko
Tur' aba Yesu.

4
Mwese ni mukorane,
Tuvuz' impundu
Ter' ijwi hejuru,
Ririmba mwese,
Ni muze dutazire
Umwami wacu,
Indirimbo turirimba
N'imwe ya kera,