203: Muze ngabo za Yesu

< Iz'intambara >
DOWNLOAD PDF

1
Muze ngabo za Yesu,
Muze mutabare,
Eh' Umwami wanyu
Yabagiy' imbere: 
Ni w'abatanguriye
Kurwana n'abansi,
Rab' ibender' iragiye,
Muyikurikire.

Ref:
Muze ngabo zose za Yesu,
Muze mutabare,
Rab' Umwami wanyu
Yabagiy' imbere. 

2
Maz' izina rya Yesu
Murivuge cane,
Nuko muj' imbere
Ribahe kunesha.
Indirimbo z'ineza
Zirater' ubgoba
Ingabo za Satani mbi,
Nuko muririmbe. 

3
Nah' abami bo mw isi
Botsindwa n'abansi,
Ubgami bga Yesu
Ni nde yobunesha?
We yaturaganiye
Kw ‘Ishengero ryiwe
Ridatsindwa na Satani
N' ivy" afise vyose.

4
Mwese ni mukorane
Mufatanye natwe,
Tunezerwe cane,
Tuvuze n'impundu.
Krist' Umwami wa twese
Tumutazirane
N' ab‘Imana bo mw‘ijuru
Bama bamushima.