1
Umwami yasomboroje
Wa Mubi Satani:
Uwomutabara ni nde
Mur' iyo ntambara?
2
Uwonywera ku gikombe
C'amagorwa yiwe,
Yikorey' umusaraba
Ni we yotabara.
3
Stefano yarenganije
Amas’ ivy' urupfu,
Abona Yesu mw ijuru,
Ac’ aramwambaza.
4
Bakimuter' amabuye
Arabaharira
Ac'asenger'abamwica
Muze tumwigane.
5
Kandi hari n' abatumwa
Cumi na babiri,
N'abandi buzuye Mpwemu
Bishwe bamuhorwa.
6
Bagatabga mu muriro,
Ntibakangw' intambge,
Bagacibga n'amazosi:
Muze tubigane.
7
Ingabo z'abo bahizi
Ziri mw ijur' iyo,
Kandi zikikij'intebe
Y'Umukiza wazo.
8
Zaciye mu mibabaro
Ziduga zijayo:
Natwe muze twihangane,
Tubakurikire.