208: Urugo rwacu n'Imana

< Iz'intambara >
DOWNLOAD PDF

1
Urugo rwacu n'Imana,.
Kandi n'inkinzo yacu.
Mu marushw' arengeranye
Ni yo Mufasha wacu.
Wa Mwansi wa kera
Yigomber' uburyo
Bg' uko yodutsinda,
Arwanish' urwanko:
Mw isi nta wuhwanye na we.

2
Twokwizigir' inkomezi
Zacu, twoca tuneshwa,.
Imana yatoy' intore
Yo kuturasanira:
Yitwa Kristo Yesu,
Ni we Nyen' ingabo,
Ntahindagurika,
Ni we Nyen' inganji,
Ntazobura kumunesha,

3
Nah' iyi si yokwuzura
Ba dayimon' isinzi;
Ntitubatinye na gato
Kuko batotunesha.
Yesu yagomoye
Ijambo n'ukuri
Kutuneshereza;
Kera yahangaye
Wa Mwans' ac' aramutsinda.

4
Hishur' ijambo ry' ukuri
Riremesh' Ishengero.
Imbabazi zawe Mwami,
Zigwire muri twese.
N"iyo bodutera,
Bakanyag' ivyacu,
Bakic' umubiri,
Ntibokwic' ukuri,
Kuzokwama guhangamye