Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
209: Yemw' abari kuri Yesu
< Iz'intambara >
DOWNLOAD PDF
1
Yemw' abari kuri Yesu,
Mukanur' ijisho cane;
Kuko wa Mwansi
Satani Aturaba ku kigohe.
2
Satani ntiyigendera,
Agir' ic' ahagazeko:
Nuko wame wiyubara,
Witwaz' inkota ya Mpwemu.
3
Wew' uhishira Satani,
Kandi witirirwa Yesu,
Kumbur' umwikunkumure,
Afis‘ igihe kigufi.
4
Yaraciriw' urubanza,
Agomb' abo yisasira,
Ni co gitum' akobeje
Kurwany' ab' Umwami Yesu.
5
Ivyo twabikijwe vyose
Tuje turabicuruza,
Bikwir' abaremwe bose,
Bihane bave mu vyaha.
6
Wibuk' ay' Umwami Yesu
Yabonye ku musaraba,
Ewe Mucunguzi wanje,
Ndihannye, ndaje nyakira.
7
Yes' ah' azogarukira
Azoz' afise bga bgiza
Yahorany' ari mw ijuru:
Mbe wumva biguhimbaye?
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza