Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
324: Nzoririmb' ivy' Umukiza wanje
< Iziririmbwa n'abahinga >
DOWNLOAD PDF
1
Nzoririmb' ivy' Umukiza wanje
N'urukundo rwiwe yankunze
Yambabarijwe ku musaraba
Ngo nkir' igihano c' urupfu.
Ref:
Nzama ndirimb' Umukiza wanje
Yanguz' amoroso ku giti,
Nari n' umwend'ukomeye cane
Maz' arawunyishurira.
2
Nzokwama mvug' ivy' igitangaza
Yes' Umukiza yankoreye,
Umutima wiwe w' ikigongwe
Watumy' ampfir' amber' incungu.
3
Nzohora ntazii' uwo Mukiza,
Nzoririmb' ububasha bgiwe,
Kukw anneshereza mûri vyose,
Sinkiganzwa n' icaha na mba.
4
Nzoririmb' Umucunguzi wanje,
N'urukundo rw' igitangaza:
Yankijij' urubanza rwo gupfa,
Maz' akangir' umwana wiwe.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza