Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
328: Yesu, nd' uwawe, nyakira,
< Iziririmbwa n'abahinga >
DOWNLOAD PDF
1
Yesu, nd' uwawe, nyakira,
N'ivyanje mfise vyose,
Ngo ngukunde, nkwizigire,
Nkuyoboke Mukiza.
Ref:
Ndahevye vyose,
Ndahevye vyose,
Yesu nguhay' umutima,
Ndahevye vyose.
2
Yesu, nd' uwawe, nyakira,
Mpfukamy' imbere yawe,
Kandi singikunz' ivy' isi,
Nyakira Yesu wanje.
3
Yesu, nd'uwawe, nyakira,
Mukiza, ngir' uwawe,
Tuma Mpwemu Yer' ambgire
Yuko naw' ur' uwanje.
4
Yesu, nd' uwawe. nyakira,
Mwami, ndakwihereje,
Urukundo n'inkomezi
N'umugisha binzemwo.
5
Ndarons' akanyamuneza
Kuzuye mu mutima,
Ndaririmba Haleluya
Mw izina ry' Uhoraho.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza