345: Enda ni muze twihererane

< Izongewe >
DOWNLOAD PDF

1
Enda ni muze twihererane,
Ibikorwa birabananije;
Mwiyuh' ivyuya, mutenzukirwe,
Mbasubizemw' inkomezi zanje.

2
Murek' ibikundwa n' ab' iyi si:
Ngo tuyag' ivy' ab'isi batazi!
Mubaye kumwe nanje na Data
Ntimuzoba mubaye mwenyene.

3
Ivyo mwavuze n' ivyo mwakoze,
Ar' ukunesha canke kuneshwa,
Ivyo muziga n' ivyo mutinya.
Mundondere vyos' uko bingana.

4
Ndazi yukw ar' ikigoye cane
Kwemez' abantu ngo bahinduke,
Yemw' abacumukuye mûrira
Mwihangane nzobah' igitsibo.

5
Ni muruhuke kuk' urugendo
Rukomeye, rwobagwish' isari,
Mury' umutsim' ubah' inkomezi,
Munywe no ku mazi y'ubugingo!

6
Maze duhejeje kubonana
Musubire mu bikorwa vyanyu;
Uyu mubonano wacu mwiza
S' uw' ubusa, n'uw' ikimazi pe.