337: Man' ump' umutima musha

< Izongewe >
DOWNLOAD PDF

1
Man' ump' umutima musha
Uzi kugushima,
Utakiganzwa n'icaha,
Umijw' amaraso.

2
Mp' umutim' ukuyobotse,
Ub' intebe yawe,
Ah' uzokwam' uvyagiye,
Aho wiganzîye.

3
Ump' umutim' umenetse,
Wizeye, w'ukuri,
Ata cowutandukanya
Nawe, Mwami wanje.

4
Mp'umutim'ugizwe musha,
Wuzuy'urukundo,
Ushushanijwe n'uwawe,
Utunganye, wera.

5
Mp'akameremere kawe,
Ngwino se wandike
Izina ryawe, Rukundo.
Mu mutima wanje.