Toggle navigation
Rwanda Songs
ABAHANZI
More>>
CHORALI
More>>
Turi Bande
Twandikire
Uri kureba indirimbo zo mu Burundi
341: Nta wuzigamwa mw irinde
< Izongewe >
DOWNLOAD PDF
1
Nta wuzigamwa mw irinde
Nk' abana b' Imana nzima,
Nanzi n'inyoni mu cari
N'inyenyeri zo kw ijuru.
2
Umwam' Imana Rurema
Ni yo nkinz' idukingira:
Itugumya mu maboko,
Itugirir' ikigongwe.
3
Nta magorwa nta buhirwe
Bishobora kudukura
Ku mukunzi wacu mwiza,
Az' ivyiyumviro vyacu.
4
Iraz'amarira yacu,
Yaharuye n'imishatsi;
Kandi mu magorwa yacu
Ni yo yam' ituremesha.
5
Namb'itwara cank' itanga
Ni yo Data w’urukundo;
Ib'igomba kimwe gusa,
N'uguh' umwan'umugisha.
6
Shengero ryayo himbarwa,
Ni yo Mutabazi wawe.
Ikuy'ijambo mu kanwa
Abansi bose batsindwa.
7
Intambara ni yashira
N'amarushwa n'iminiho,
Dat'azodu hamagara
Ati Ni muze mw ijuru.
Indirimbo zo gushimisha imana : Indirimbo z'agakiza