339: Tugiy'i wacu mw ijuru

< Izongewe >
DOWNLOAD PDF

1
Tugiy'i wacu mw ijuru,
Ni muze, ni muze!
Gutazir' Umurokozi,
Ni muze, ni muze,
Umv'abashitseyo ni benshi pe
Mu bgami bg'Imana
baranezerwa,
Abandi benshi bajayo.
Ni muze ni muze!

2
Tuzonobanga mu muco,
Ni muze, ni muze!
Dusiz'umwira w'ivyaha,
Ni muze, ni muze!
Har' igitsibo tuzokwambara,
Tuzonezeranwa n'abakijijwe,
Dusangiy'ubgiza na bo,
Ni muze, ni muze!

3
Ni wemera ngo tujane,
Ihane, ihane!
Izere Yes' agukize,
Ihane, ihane!
Akur' umutwaro wikoreye
K.' uremerewe rek' akuruhure,
Wimane na we mw ijuru,
Ihane, ihane!