344: Uhimbazwe Yesu Kristo

< Izongewe >
DOWNLOAD PDF

1
Uhimbazwe Yesu Kristo
Wihinduy'ukab' umuntu
Wavyawe n' inkumi yera
Ab' ijuru banezerwe
Haleluya.

2
Mwana wa Data wa twese
Ur'umunt'ukab'Imana
Waje kudukiz' urupfu
Ufis' umubiri nkatwe.
Haleluya.

3
Isi yos' iganzwa nawe
Kand' urerwa n'umugore
Umukur' abasha vyose
Yabay' uruhinja gusa.
Haleluya.

4
Warazany' umuco mw isi
Utumurikira twese
No mw ijoro dushobora
Kumenya Data wa twese.
Haleiuya.

5
Waje mw isi nk' umukene
Warubahirij' ubgoro
Wishize mu bgoro bubi
Natwe ngo tub' abatunzi.
Haleluya.

6
Ur’Umwam' asumb' abami
Watugendeye tur' ivu. 
Maz' udukura mw isi mbi.
Uratujana mw ijuru.
Haleluya.