338: Yemwe basoda ba Kristo muvyuke

< Izongewe >
DOWNLOAD PDF

1
Yemwe basoda ba Kristo muvyuke
Murasane n'isi na Satani n' inyama;
Rwana n' inkomez' intambara nziza,
Umusaraba n' ibender' imbere yanyu.
Jana n' Umukiza, arabarongora:
Dufis' Umugabish'azoduha kunesha.

2
Mwa ntumwa ziwe, Yes' arabatumye,
Ati Muje mu bihugu vyose vyo mw isi:
Kwiz' ubutumwa mu baremwe bose,
Babgire ko Yesu yabaguz' amaraso.
Muvugish' akanwa yuko Yes' akiza,
Ni we yadutumye kubg'urukundo rwiwe.

3
Yemwe, Bakristo, muvyuke n' ingoga, 
Domek' amatara yanyu, ni mube maso.
Wa Mukw' araje mumusanganire,
Azojan' abireguye hirya mw' ijuru.
Musengan' umwete, koran'inkomezi,
Eh' araje nk' uko yadusezeranije.