279: Eh’ umus’urakuze,

< Iz'umugoroba >
DOWNLOAD PDF

1
Eh’ umus’urakuze,
Turuhuke burije,
Ni muze duhimbaze
Umuremyi w' ijuru N' isi yose.

Ref:
Yera, Yera, Yera, Nyen' ingabo:
Wuzuy' ijuru n' isi, Twese tuguhimbaze
Mwam'Imana!

2
Mwami Nyen'ubugingo,
Abagukunda twese
Utugumbire none
Mu gikiriza cawe; Bgirukiro.

3
Nah' umwiza wocura,
Ntiwoduhish' Imana,
Dukundish' imitima
Nyen' umuco n' umwiza,Tumushime.

4
Wa musi ni washika
Tukazobon' umuco
Uva mu nyonga hawe,
Duhe kuzoboneka ;Twiteguye.